-->

Kwamamaza

+250788917153

Kwamamaza

Ku myaka 26, yatembagaje ubwami: Inkuru ya Michel Micombero mu mateka y’u Burundi

Michel Michombero (Archived photo)


Uko umusirikare akiri muto yahinduye imiyoborere y’igihugu, ashinga repubulika, agasiga amateka arimo intsinzi, impaka n’ingaruka zikigarukwako n’ubu.

Ku wa 28 Munyonyo(Ugushyingo) 1966, Michel Micombero, umusirikare yari afite imyaka 26 gusa, yatembagaje ubwami bw’u Burundi, ahirika Umwami Ntare V Charles Ndizeye, ashinga repubulika, aba umukuru w’igihugu wa mbere w’u Burundi, mu gihe igihugu cyari kikiri mu ntangiriro y’ukwikukira(Ubwigenge) no kwiyubaka.

Iryo hinduka rikomeye ryabaye mu Burundi mu 1966 ryafunguye urupapuro rushasha mu mateka y’igihugu. Michel Micombero, yari akiri muto cane ugereranije n’ico gikorwa, yinjiye mu mateka nk’umuntu yahinduye burundu imiyoborere y’igihugu, ava ku bwami bwari bumaze ibinyejana, ajana kuri repubulika ishingiye ku gisirikare.

Michel Micombero yavutse itariki 26 Myandagaro 1940, avukira muri Komine Rutovu, mu Ntara ya Bururi, mu gihe ico gihugu cari kikitwa Ruanda-Urundi. Yakuriye mu buzima busanzwe, yiga amashure ya gisirikare, aca yinjira mu gisirikare c’igihugu, aho yaciye yerekana ubukerebutsi n’ubushobozi bwo kuyobora.

Mu 1966, Micombero yari amaze kuba Minisitiri w’Ingabo, aca afata ubutegetsi mu guhirika Umwami Ntare V Charles Ndizeye. Iryo hinduka ryashize iherezo ku bwami, hashirwaho Repubulika y’u Burundi, Micombero aca aba Perezida wa mbere.

Ivyo vyabonwa n’abamwe nk’intambwe ijana igihugu mu bihe bishasha, ariko n’abandi bakabifata nk’intango y’ubutegetsi bw’igitugu.

Micombero yarongoye u Burundi kuva mu 1966 gushika mu 1976. Ubutegetsi bwiwe bwaranzwe n’ukwiganzwa kw’igisirikare, guhagarika amashirahamwe ya politike atandukanye n’ukwongerekana kw’uguhonyanga uburenganzira bwa muntu. Ibihe bikomeye vyabaye mu gihugu, cane cane mu ntango z’1970, vyasigiye igihugu ibikomere bikomeye.

Mu 1976, Micombero yakuwe ku butegetsi na Jean-Baptiste Bagaza, aca ajana mu buhungiro. Yabaye kure y’igihugu c’amavuko yiwe gushika apfuye, atigeze asubira kuyobora.

Michel Micombero yapfuye itariki 16 Mukakaro 1983, i Mogadiscio muri Somaliya, azize indwara y’uguhagarara kw’umutima, afise imyaka 42. Yari yarubatijwe, akaba yari umukirisu, yubakanye na Adèle Nzeyimana.

Michel Micombero asigaye ari umwe mu bantu batavugwako kimwe mu mateka y’u Burundi. Ku bamwe, ni we washinze repubulika; ku bandi, ni we watanguje ikiringo c’ubutegetsi bw’igitugu. N’aho impaka zigihari, nta gushidikanya ko uruhara rwiwe mu mateka y’igihugu rudashobora gusibwa, kandi kumwiga bifasha gutahura aho u Burundi rwavuye n’ivyo rucamwo uyu musi.




IMIHIGO NEWS


Post a Comment

0 Comments

Kwamamaza

+250788917153